OBR yerekanye ibidandazwa vy'amagendo yafashe

Bamwe mu badandaza bakora uko bashoboye ngo ntibarihe ikori
Image caption Bamwe mu badandaza bakora uko bashoboye ngo ntibarihe ikori

Mu Burundi ikigo gitoza amakori n'ama taxes ya leta, OBR, cerekanye ibidandazwa cafatiye ku kivuko ca Bujumbura vyarimwo amakarito arenga 300 yagenewe kujamwo imiti yo kwiyugumuza.

Ariko ico kigo cansanze hatekewemwo amata y'ifu yo mu magopo yitwa Nido.

Ivyo bidandazwa bikaba vyafatanywe umudandaza w'Umurundi abivanye mu gihugu ca Tanzania mu mpera z'indwi iheze.

Mu kigo OBR bavuga ko ubusuma nk'ubwo buhanishwa kuriha amakori y'ibidandazwa vyose hamwe n'amande ashika kuri 50%.

Bamwe mu bandandaza bavuga ariko ko ubwo busuma buterwa ahanini n'uko OBR kibaca amataxe y'umurengera.