Inama ku kibazo ca Burkina Faso

Lt Col Isaac Zida abonana n'abaserukiye ibihugu muri Burkina Faso Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Lt Col Isaac Zida yemeza ko azoshikiriza ubutegetsi abasivile

Abakuru b'ibihugu vya Ghana, Nigeria na Senegal bari muri Burkina Faso mu nama n'abakuru b'igisirikare ngo babahimirize gusubiza ubutegetsi abasivile.

Uwahoze ari umukuru w'igihugu wa Burkina Faso, Blaise Compaore, yatanze imihoho kuwa gatanu, nyuma y'imyaka mirongo ibiri n'indwi ari ku butegetsi.

Igisirikare caciye gifata ubutegetsi, nyuma y'imyigaragamvyo ikomeye yo kwiyamiriza Compaore mu ndwi iheze.

Umukuru mfatakibanza, Lt Col Isaac Zida, yaremeye ko azosubiza ubutegetsi abasivile mu ndwi zibiri, nk'uko vyasabwe n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika.

Umukuru w'igihugu wa Cote d'Ivoire, Alassane Ouattara, yavuze ko bwana Compaore, asanzwe ari muri Cote d'Ivoire, azohaguma igihe cose azoshakira.