ICC ntizokurikirana Israel ku gitero ku bwato bwa Turkia

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mavi Marmara ni bwo bwato bwari imbere y'ubundi butanu bwagana i Gaza

Umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha ICC yavuze ko atazokurikirana Israeli ku gitero yagavye ku bwato bwari bugiye i Gaza mu mwaka w'i 2010.

Ico gihe abanyaturukiya 9 baraguye muri ico gitero cari kigamije kubuza ubwo bwato kurenga ku mategeko yo kuzibira ibintu bijanwa ku butaka bw'abanyapalestine mu gace ka Gaza.

Fatou Bensouda yavuze ko n'ubwo hari ''ifatiro ryumvikana'' ryo kwibaza ko ivyaha vyo mu ntambara vyakozwe, ICC itegerezwa gushira imbere ibintu bintu bikomeye kuruta aho vyashitse.

Israel ivuga ko ICC yataye umwanya ku kirego cari gishingiye kuri politike.

Abashingwamanza bario bashikirije ico kirego bavuze ko bazokwunguruza.

Abasirikare icumi ba Israel ico gihe barakomeretse muri ico gitero ku bwato bwa Turkia Mavi Marmara igihe bwariko buragerageza kurenga ku bihano vyo kutajana ibintu mu turere twgenzurwa n'umuhari Hamas.

Catumye haba ugucanamwo cane hagati ya Israel na Turkia, ibihugu vyari bisanzwe bicuditse.

Fatou Bensouda yavuze ko yakoreye ku vyegeranyo bitanbdukanye vy'amatohoza kugirango afate ingingo.

Uwo muringo w'ubwato warimwo ubwato butandatu bwinjiye mu mazi mpuzamakungu ku bilometero 130 uvuye ku nkengera ya Israel ku wa 31/05/2010.

Abari baburimwo barwanya kubuza ko ibintu vyinjira muri Gaza benshi bari abo mu murwi wo muri Turkia witwa IHH ushigikiye aba nye Palestina.

Israel ivuga ko IHH ifise ubuciti bukomeye na Hamas.