Amenyo y'inzovu muri Tanzania yaguzwe ku bwinshi n'abategetsi b'Abashinwa

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Muri uyu mwaka Ubushinwa bwarasambuye ubwa mbere amasenge y'inzovu menshi bwari bwafashe

Abategetsi bo mu Bushinwa bagize urugendo muri Tanzania bari kumwe n'umukuru w'ico gihugu Xi Jinping baguze ku bwinshi amasenge y'inzovu adaciye mu mategeko nk'uko vyatangajwe n'ishirahamwe riharanira gukingira ibikoko.

Mu cegeranyo , iryo shirahamwe Environmental Investigation Agency rivuga ko ryavuganye n'abasanzwe bacuruza amasenge bemeza ko kurondera kugura ku bwinshi ayo masenge n'abo bategetsi bo mu Bushinwa mu 2013 vyatumnye igiciro cayo kiduga cane.

Ubushinwa burahakana ivyo bwivuye inyuma mu kwibutsa ko butemera guhiga no kwica ibikoko mu buryo bunyuranye n'amategeko.

N'abategetsi ba Tanzania bahabihakanye.

Ubushinwa bufatwa nk'isoko rya mbere rinini ry'amasenge(canke amenyo) y'inzovu atemewe n'amategeko.

Abashinwa bakoresha ayo masenge mu gusarura ibisharizo bifatwa nk'ibimenyetso vy'igihagararo umuntu afise , nk'uko abanyamakuru babivuga.

Muri iyi myaka iheze, kwica ibikoko mu buryo bunyuranye n'amategeko vyariyongeye cane muri Africa yo munsi y'ubugaragwa bwa Sahara aho imigwi y'inkozi z'ikibi yica inzovu izironderako amasenge.

Urundadazwa rw'amasenge y'inzovu rwaciwe mu 1989 n'amasezerano ku rudandazwa mpuzamakungu rw'ubwoko bw'ibikoko n'ibiterwa bigeramiwe no guhona. Ubushinwa na Tanzania vyompi vyaremeje ayo masezerano.