Ebola:ONU 'nta buryo ifise bwo gutsinda ico kiza'

Tony Banbury
Image caption Tony Banbury: "nta buryo dufise namba ubu ...bwo gutsinda iyo ndwara''

Intumwa ya ONU ishinzwe kurwanya ikiza ca Ebola muri Africa y'Uburengero yabwiye BBC ko atagira uburyo bwo gutsinda ico kiza.

Tony Banbury yavuze ko izindi mfashanyo zikenewe vyihuta n'ubwo hatanzwe intererano zifadika n'Ubwongereza, Ubushinwa, Cuba na Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ariko yizigiye ko ashobora gushika ku mugambi yihaye wo kuronka 70% vy'ibitanda bikenewe ku bafashwe bashasha na 70% y'abahambwa mu buryo budashobora kugira ingaruka iyariyo yose.

Ubu igitigiri c'abamaze gupfa kigeze ku bantu 4.818 nk'uko bivugwa n'ishami rya ONU riraba amagara kw'isi OMS.

Ivyo bitigiri biri hasi y'ivyo OMS yari yaratangaje ku wa gatanu uheze kuko ngo yahinduye ingene ivyo biharuro bigenda biraterateranywa.

Ariko uwo aserukira ONU yavuze ko mu bihugu bisinzikajwe cane n'ico kiza-Liberia,Sierra Leone na Guinee-iyo ndwara iguma ikwiragira cane, cane cane ku mirwa mikuru.