Birakomeye hagati ya Mbabazi na Museveni

Yeta ya Uganda ivuga ko prezida Yoweri Museveni ata kibi ashakira Amama Mbamazi
Image caption Yeta ya Uganda ivuga ko prezida Yoweri Museveni ata kibi ashakira Amama Mbamazi

Imigenderanire hagati ya Prezida Yoweri Museveni wa Uganda n'uwahoze ari umushikiranganji we wa mbere ikomeje gusinzikara.

Hari amakuru yavugaga ko hari umugambi wo gufunga Amama Mbabazi, wari n'umukuru w'ishyaka riri ku butegetsi, ariko leta irabihakana.

Abamwunganira mu mategeko bandikiye leta bayisaba gusobanura uwo mugambi.

Ariko leta ya Uganda ivuga ko ata mugambi nk'uwo ushobora kubaho ku muntu yabaye umushikiranganji wa mbere, ata perereza ribanje kuba kubyo aregwa.