Lt Col Isaac Zida ntazorekura mu ndwi zibiri

Col Isaac Zida (hagati) avuga ko atotanga ubutegetsi mu ndwi zibiri Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Col Isaac Zida (hagati) avuga ko atotanga ubutegetsi mu ndwi zibiri

Umukuru mfatakibanza wa Burkina Faso, Lt Col Isaac Zida, yanse ikiringo c'indwi zibiri yahawe n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika ngo abe yahaye ubutegetsi abasivile.

Aho yafata ijambo nyuma y'umubonano n'abatavuga rumwe na leta hamwe n'amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, Col Zida yavuze ko atarajwe ishinga n'ugufatirwa ibihano n'ubumwe bwa Afrika.

Igisirikare cafashe ubutegetsi nyuma yo kwegura kwa Blaise Compaore, yabwirijwe gutanga imihoho mu ndwi iheze kubera imyigaragamvyo ikomeye.

Ubutegetsi mfatakibanza bwemeye gutunganya amatora mu kiringo c'umwaka umwe, ariko ntiburavuga uwuzorongora igihugu gushika ico gihe.