Igisasu cahitanye abantu cumi muri Nigeria

Igisasu giteze hafi y'imashini nk'iyi nico cahitanye abantu i Bauchi
Image caption Igisasu giteze hafi y'imashini nk'iyi nico cahitanye abantu i Bauchi

Igisasu cashizwe hafi y'imashini babikuzamwo amafaranga mu buraruko bwa Nigeria cahitanye abantu cumi.

Abandi bantu barenga mirongo ibiri bivugwa ko bakomerekejwe n'ico gisasu caturikiye mu muji wa Azare uri mu ntara ya Bauchi.

Ababibonye bavuga ko umugabo yegereye abantu bari batonze umurongo kuri iyo mashini, yitwaje agakemanyi mu nyuma gaca karaturika.

Kuwa gatatu, abantu vyibazwa ko ari abo mu mugwi w'abarwanyi ba ki Islam, Boko Haram, bateye uruganda rw'isima i Azare, batwara intambi zikoreshwa mw'urwo ruganda.