Abagwizatunga muri Afrika barafasha kurwanya Ebola

Abagwizatunga bo muri Afrika bashaka kugabanya abahitanwa na Ebola Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abagwizatunga bo muri Afrika bashaka kugabanya abahitanwa na Ebola

Abagwizatunga bo muri Afrika bemeye gutanga amahera imiriyoni mirongo itatu z'amadolari yo gufasha kurwanya ikiza ca Ebola.

Ayo mahera, azogenzurwa n'ibanki nyafrica y'iterambere, yatororokanirijwe mu nama yabereye ku murwa mukuru wa Ethiopia, Addis Ababa.

Ayo mahera azokoreshwa mu guhemba abakozi bo mu vy'amagara bashika ijana, bazorungikwa mu bihugu bigeramiwe cane na Ebola arivyo Guinea, Liberia na Sierra Leone.

Ishirahamwe ry'abaganga batagira imbibe, MSF, kuwa gatanu ryavuze ko ebola yagabanutse bigaragara muri Liberia.