Sudani y'epfo yahawe indwi zibiri ngo yisuganye

Abarwana muri Sudani y'epfo batumvikanye mu ndwi zibiri bazofatirwa ibihano
Image caption Abarwana muri Sudani y'epfo batumvikanye mu ndwi zibiri bazofatirwa ibihano

Impande zirwana muri Sudani y'epfo zahawe iyindi minsi cumi n'itanu ngo zumvikane canke zifatirwe ibihano n'ibindi bihugu vyo mu buseruko bwa Afrika.

Ishirahamwe ry'akarere rijejwe iterambere, IGAD, ryavuze ko nyuma y'iminsi ibiri y'ibiganiro i Addis Ababa, impade zombi zemeye guhagarika itana mu mitwe ubwo nyene.

Bagabishijwe ko hagize uwurenga ku masezerano yo guhagarika imirwano, akarere kazoca kabijamwo kugira gakingire abanyagihugu.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko impande zombi mu ntambara yo muri Sudani y'epfo, sagirijwe kenshi kurenga ku masezerano yo guhagarika imirwano, yashizweko umukono mu kwezi kwa mbere.