Ivy'uruhome rwa Berlin ni icizere ku bagikandamijwe

Umupfasoni Angela Merkel yizeza abakiba mu bihugu bikandamiza agateka ka muntu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umupfasoni Angela Merkel yizeza abakiba mu bihugu bikandamiza agateka ka muntu

Mu Budage baribuka imyaka mirongo ibiri n'itanu iheze uruhome rwa Berlin rusituwe.

Aho yabafata ijambo mu muhango wabereye muri uwo muji, umushikiranganji wa mbere Angela Merkel yavuze ko ibi biha ubutumwa bw'icizere ababa mu bihugu agateka ka zina muntu kagihonyorwa.

Umupfasoni Merkel, yaba mu buseruko bwa Berlin mu gihe c'ugutana, yavuze ko iyi sabukuru ari igihe c'umunezero, ngo ariko kandi ni igihe co kwibuka abahasize ubuzima bagerageza guhunga uburengero.

Hateguwe ibiteramo vy'umuziki hamwe n'iminsi mikuru yo mw'ibarabara, hamwe n'ibindi birori vyinshi bibera aho urwo ruhome rwahora rwubatse.