Kenya airways yagize igihombo

Iciza ca Ebola ciri mu vyatumye haba ico gihombo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Iciza ca Ebola ciri mu vyatumye haba ico gihombo

Kompanyi y'indege ya Kenya Airways yo muri Kenya yatangaje ko yagize igihombo c'imilioni 16 z'amadolari mu mezi atandatu yarangiranye n'ukwezi kw'icenda.

Umuyobozi mukuru w'iyo kompanyi ifise icicaro i Nairobi - Mbuvi Ngunze - yavuze ko ikiza ca Ebola muri africa y'uburengero n'ikibazo c'umutekano muri Kenya arivyo vyatumye haba ico gihombo.

Yongeye avuga ko kubandanya ihagarikwa ry'indege zija muri Sierra Leone na Liberia bishobora gutuma haba ikindi gihombo.

Ngunze yavuze ko abantu baja muri Kenya bagabanutse kubera amakenga ku mutekano muri ico gihugu.