Kenya hafashwe benshi kubera kwambura impuzu umugore

Imyiyerekano i Nairobi Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Abagabo n'abagore bakoze imyiyerekano ku wa mbere bashigikira ko abagore bashobora kwambara mini

Abantu hafi ijana bafashwe i Nairobi muri Kenya inyuma y'aho umugore agira kabiri aterewe azira kuba atikwije neza mu nyambaro nk'uko bivugwa n'igipoilisi.

Impuzu z'uwo mugore zatabaguwe hanyuma aratukwa agenda arerekanwa mw'ibarabara nk'uko igipolisi kibandanya kibivuga.

Igipolisi kivuga ko abo bantu bafashwe mu ntumbero yo kurwanya ihohoterwa ry'abagore.

Ku wa mbere Abantu nibura 200 baragize imyiyerekano ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi, inyuma y'aho umugwi w'abagabo bakuriye impuzu umugore kuko yari yambaye ijipo ngufi(mini).

Umunyamamakuru wa BBC Robert Kiptoo ari i Nairobi avuga ko Kenya ari igihugu kigendera ku mico ya kera aho amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko agateka k'abagore gakunze guhungabanywa.

Igitero kuri uwo mugore agira kabiri cababaje abantu cane, igipolisi kikaba caciye gikora umukwabu mu bituro bitari bike vy'ama bisi.

Umukuru w'igipolisi Moses Ombati yavuze ko abantu 20 bafashwe ku mvo z'ico gitero gishasha.Uwo mugore yari mu nzira agana imangazini aca ategerwa n'umugwi w'abantu nk'uko Ombati abandanya abivuga.

Igipolisi kivuga ko abapolisi bari kw'irondo bamutabaye imodoka yabo igaca imujana mu bitaro aho ariko aravurwa.

Ariko umunyamakuru wa BBC avuga ko igipolisi ca Kenya gikunze gufata abantu ikivunga iyo kiremerewe n'abanyagihugu akenshi ugasanga harimwo n'ababa ataco bazira mu nyuma bakarekurwa.

Ishirahamwe ry'abavyeyi, Kilimani Mums, ryaratunganije ku wa mbere imyiyerekano inyuma y'aho video yerekana ingene umugore yatewe ikwiragiriye ku mbuga hwaniro kuri internet ku ndwi iheze.

Abo bari mu myiyerekano bagenda baravuga ngo''murateye isoni'' bagenda baratanga amashurwe ku murongo w'ama bisi aho uwo mugore yakuriwe impunzu.

Mu yindi myiyerekano yo kurwanya kwambara impuzu ngufi, abagbo bashika 20 bavuga ngo'' ni mwikwize. Ivyo ntavyo dushaska''.

Icegera c'umukuru w'igihugu William Ruto yavuze ko ababikoze bategerezwa gufatwa.

A