Umutangabuhamya ku ndege ya Juvenal Habyarimana yabuzwe irengero

ibisigarira vy'indege Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Indege ya prezida Juvenal Habyarimana yarashwe n'igisasu hejuru y'ikibuga ca Kaombe mu 1994

Umunyarwanda yari yimirije kuja kubazwa n'abacamanza b'abafaransa kw'iraswa ry'indege bya presida Juvenal Habyarimana mu 1994 yabuzwe irengero I Nairobi, umurwa mukuru wa Kenya.

Bivugwa ko iryo hanurwa ariryo ryoba ryabaye imbarutso ya genocide mu 1994.

Ababanyi ba Emile Gafirita bavuga ko bumvise avuza induru atashe i muhira imbere y'isaha zitandatu z'ijoro ku wa kane uheze.

Ngo baca babona abagabo babiri bariko bamwambika ama pingu bamusunikira mu modoka.

Igipolisi ca Kenya kivuga ko atarico camufashe.

Izina rya Gafitirita ryamenyekanye mu minsi iheze rivuzwe mu rubanza rwariko rubera mu Rwanda ko yahoze ari umwe mu basirikare bacungera prezida Paul Kagame.

Umushingwamanza wiwe Francois Cantier avuga ko yari yamuburiye ko kuba yari agiye gutanga ubuhamya vyashobora kugira ingaruka.

Abacamanza babiri b'abafaransa Marc Trevedic na Nathalie bari bamutumyeko kuvuga ivyo azi i Paris mu matohoza ku gisasu cakoroye indege ya prezida Juvenal habyarimana mu 1994.