Ebola yateye ubushomeri muri Liberia

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Hafi 50 kw'ijana mu bari basanganywe akazi muri Leberia ntibakora kubera Ebola

Hafi 50 kw'ijana y'abanye Liberia bari bafise akazi ikiza ca Ebola kitaraduka ubu ntako bafise nk'uko biri mu cegeranyo c'amatohoza yakozwe na Banki y'isi.

Ivuga ko abakozi benshi basabwe kuguma iwabo canke batakaje akazi mu kubera amasoko yategerejwe kwugara.

Imbere y'aho umuhinga mu vy'ubutunzi wo muri banki y'isi yari yavuze ko ikiza ca Ebola gishobora gutwara akarere kirangwamwo hafi miliardi 3 z'ama dollars.

Ebola imaze gufata abantu 14.000 muri Africa y'uburengero, ikaba imaze kwica 5.000-abapfuye muri Lienria bakaba ari 2.800.

Ana Revenga, umwe mu bakozi bakuru b'Ibanki y'isi, yavuze ko n'ababa mu turere twa Liberia tutewe n'indwara ya Ebola''bari guhura n'ingaruka mbi z'iyo ndwara iteye ubwoba''.

Banki y'isi yose ivuga ko igisata c'uburimyi ca Liberia arico kimaze kwerekana ko gishobora kwivyukiranya kurusha ibindi, ariko ayo matohoza yerekanye ko abayitabiriye bavuze ko badafise amafaranga akwiye yo gushobora kugura ivyo kurya.

Ariko ibizotakara kubera ico kiaa ca Ebola ntibizongana uko vyari vyibajijwe ubwa mbere ku bwa Francisco Pereira, umuhinga mukuru mu vy'ubutunzi ajejwe Africa muri Banki y'isi.

Avugira muri Africa y'Epfo, yavuze ko amafaranga yose ashobora gutakara ashobora kuba ica cumi ya miliardi 32 z'ama dollars Banki y'isi yari yavuze ubwa mbere ko arico kizoba ikiguzi ca Ebola kuri Africa yo munsi y'ubugaragwa bwa Sahara.

Ariko yagabishije avuga ko Ebola yakoze cane ku gisata c'ingenzi muri Africa.

Amatohoza y'ikigo gikurikirana ivy'ingendo mu kwezi kw'icenda casanze abafatisha ibibanza vy'ingendo bagabanutse gushika kuri 70% no mu bihugu bitegereye na gato ahavugwa iyo ndwara.