Amerika yiteze ibindi bihuhusi vy'urubura

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imiduga myinshi ntishobora kuva aho iri

Uburaruko bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika bwimirije guhangana n'ibindi bihuhusi vy'urubura inyuma y'icahitanye abantu nibura indwi i New York ku wa gatatu.

Abantu bapfuye kubera ikirere kibi baravuzwe kandi muri New Hampshire na Michigan.

Ibice bimwe bimwe vy'igisagara ca Buffalo bisanzwe biri munsi y'imetero imwe irenga y'urubura.

Umukuru w'intara ya New York Andrew Cuomo yavuze ko ico gihuhusi c'urubura kiri mu bizokwandikwa muri kahise.

Ubukonje bukabije burabandanya mu bice vyinshi vya Amerika aho vyagize ingaruka ku ruja n'uruza.

John Jiloty w'ikinyamakuru East Aurora hafi ya Buffalo yabwiye BBC ko abantu bamwe bafatiwe mu miduga yabo umunsi n'igice.

Yavuze ati ''Ndi n'amahirwe kubona ntari ahageramiwe cane aho bari munsi y'imetero hafi zibiri z'urubura ku minota 15 avuye aho ndi''

''Dufise kumbure imetero irenga y'urubura n'urundi ruja kugwa ku mugoroba, turi burabe ingene bigenda''

Hari abantu bafatiwe mu mazu yabo canke imiduga yabo, nayo imiyaga ikomeye cane n'amabarabara yarengewe n'ibarafu bikaba vyatumye haba amasanganya bituma amashure yugarwa mu bice bimwe bimwe vya Amerika.