Zimbabwe abantu bacanyeko inyuma y'amasengesho

Uwufise ububasha kw’isanamu none

Abantu 11 bapfuye muri Zimbabwe biturutse ku gucanako ubwo hari harangiye igikorane c'amasengesho mu kibuga c'inkino nk'uko bivugwa n'igipolisi.

Bane baguye muri ico kibuga mu gisagara ca Kwekwe kiri hagati muri Zimbabwe, abandi indwi bikaba vyemejwe ko bapfuye bashitse kwa muganga.

Uko gucanako kwashitse igihe abari mu masengesho ibihumbi n'ibihumbi bihuta gusohoka inyuma y'amasengesho y'umuvugabutumwa w'umu pentekoti rurangiranwa Walter Magaya.

Avuga ko ashobora gukiza abantu mu gukora ibitangaro.

Bamwe mu babibonye bagirije igipolisi kuba cazibiye menshi mu marembo y'ico kibuga hanyuma kikarekura ivyuka bikoroza amasozi ubwo abantu bariko baragwanira guca mu rimwe rudende ryari ryagumye ryuguruye.

Magaya, asanzwe arongoye ikigo c'ubutumwa Prophetic Healing and Deliverance(PHD), yabwiye ikinyamakuru co muri Zimbabwe ko aho yumviye ko hari abantu bapfuye arico ''gihe ca mbere kibi cane mu buzima bwanje''.