''Bulaya barondera guhindura intwaro mu Burusiya'':Lavrov

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko ibihano vya Bulaya bitanguye kugira ingaruka ku Burusiya

Ibihano vyafatiwe Uburusiya kubera uruhara rwabwo muri Ukraine bigamije gutuma hahinduka intaro muri ico gihugu, bivugwa na ministre w'Uburusiya ajejwe imigenderranire Sergei Lavrov.

Ashikiriza ijambo abajenama mu vyerekeye imigenderanire, Lavrov yavuze ko gusabira ibihano igihugu ciwe ''bizosambura ubutunzi bigatuma abantu bagumuka''.

Uburusiya burahakana kuba buba ibigwanisho abashaka kwiyonkora kuri Ukraine.

Ibihano vy'ibihugu vya Bulaya vyafashwe ubwa mbere igihe Uburusiya bwigarurira intara ya Ukraine ya Crimee mu kwa gatatu inyuma y'amatora kamarampaka yateye impari.

Kuva ico gihe ibindi bihano biramaze kwongerwako, cane cane ku bategetsi b'aba Russiya n'ibigo vyo kwivuna abansi, amabanki hamwe n'igisata c'ibitoro.

Ku wa kane, agaruka ku migumuko y'impinduka yabaye mu bihugu vyahoze bigize ubu Soviet harimwo Ukraine na Georgie, prezida Putin yavuze ko amakungu ubu abona'' ico ingaruka mbi zavuye ko ciswe impinduka z'amabara zashikanyeko''

Impinduka zo muri Ukraine mu 2004 zari zishigikiwe n'ibihugu vya Bulaya zitririwe ibara ry'ishike(orange revolution) nayo iryo muri Georgie mu 2008 ryitirirwa ibara rya roze (rose revolution).