''Turashobora kurangiza Ebola mu 2015'':Ban Ki-moon

Ban Ki-moon Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ban Ki-moon (agira kabiri uva i bubamfu) avuga ko amakuru ategereza gushika aho ata murwayi wa Ebola n'umwe azoba akivugwa

Ikiza ca Ebola kirashobora kurangira '' hagati mu mwaka uza'' hamwe amakungu yoguma yongereza inguvu zo kukirwanya, bivugwa n'umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon.

Ariko yagabishije ko n'ubwo urugero rw'abandura ruriko ruragabanuka muri Africa y'uburengero, ubu igihugu ca Mali-ahamaze gupfa abantu 6- giteye umwitwarariko.

Nawe uwuserukira ONU mu kurwanya Ebola, Anthony Banbury, yavuze ko impinga ikiri ndende kugirango amakungu atsinde umugera wa Ebola.

Ibihugu vya Guinee, Sierra Leone na Liberia nivyo vyasinzikajwe cane n'ico kiza.

Abantu barenga 5.400 baramaze gupfa muri ivyo bihugu bitatu, abandi bake bakaba barapfuye muri Nigeria, Mali, Espagne na Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Hagati ho muri Liberia, igipolisi cavuze ko ibobanza vyo kwinezereza ku nkengera y'ibahari vyugawe kuva itariki 29 z'ukwa 11 gushika hatangajwe ko Ebola itakirangwa muri Liberia.

Igipolisi casohoye itangazo rivuga ko uwuzorenga kuri izo ngingo azokurikiranwa n'amategeko.

Avugira i Washington ahariko harabara inama irimwo abategetsi b'ishami rya ONU riraba amagara kw'isi OMS, Banki y'isi n'ikigega mpuzamakungu FMI, bwana Ban yavuze ati:

''Hamwe twobandanya twongereza inguvu,dushobora guhagarika tukongera tukarangiza ico kiza hagati mu mwaka uza''.

Yavuze ko gushika ubu ibimaze gushikwako n'amakungu mu kurwanya Ebola bidashemeye hose, ahagarara cane ku kibazo c'abakozi bo kwa muganga bagikenewe kwongerezwa cane mu bihugu bisinzikaye vyo muri Africa y'uburengero.