Iran yongerewe igihe k'umugambi wa nuclear

Uwufise ububasha kw’isanamu b
Image caption Iran iguma yemeza ko ata mugambi ifise wo guhingura ibigwanisho vya nucleaire

Ibiganiro by'ibihugu 6 bikomeye kw'isi n'igihugu cya Iran ku mugambi wa Iran wa nuclear, byongerejwe igihe kugeza kw'itariki ya 1 z'ukwezi kwa 7 k'umwaka utaha.

Iri tangazo rije nyuma y'inama ya nyuma y'ibiganiro byaberaga i Vienna hagati y'abashikiranganji b'imibano n'amahanga b'ibyo bihugu bikomeye na Iran bitashoboye kwumvikana kw'itariki ya nyuma yari yarateganijwe uyu munsi.

Umushikiranganji w'imibano n'amahanga w'Uburusiya, Sergei Lavrov n'uw'Ubwongereza Philip Hammond bavuze ko hari intambwe yatewe muri ibyo biganiro.

Bwana Hammond yongeyeho ko mu gihe cyongerewe, Iran izabona buri kwezi miliyoni 700 zari zarafatiriwe n'ibihano.