'Boko Haram' yishe abarovyi 48 ba Nigeria hafi ya Chad

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Boko Haram yaragwijije ibitero muri ino minsi

Intagondwa z'aba Islam z'umuhari wa Boko Haram wo muri Nigeria bivugwa ko zishe abantu 48 mu gitero ku bacuruzi b'amafi hafi y'urubibe na Chad.

Umugwi w'abacuruzi b'abarovyi uvuga ko bamwe mu bishwe bakerewe amazosi abandi bakaba baboshwe batabwa mu kiyaga Chad.

Ico gitero cabaye ku wa kane ariko iyo nkuru yafashe iminsi kugira imenyekane kuko Boko Haram yasambuye ivyuma vy'amatelephone ngendanwa muri ako karere.

Nico gitero ca kabiri kinini mu minsi ibiri nyene kigizwe na Boko Haram.

Muri ico gitero co ku wakane, abo bacuruzi bari mu nzira baja muri Chad kurangura amafi igihe izo ntagondwa zazibira inzira yabo hafi y'ikigwati ca Doron Baga, ku birometero 180 mu buraruko bwa Maiduguri mu ntara ya Borno.

Abubakar Gamandi, umukuru w'ishirahamwe ry'acuruza amafi avuga ko abo bateye ata nkoho bakoresheje.

Yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko'' abakoze ico gitero bishe abo bantu mu gacerere badakoresheje inkoho kugira ingabo mpuzabihugu ntizivyumve''.

Ingabo ziva muri Nigeria, Chad na Niger zararungitswe muri ako karere zikaba zifise ikammbi i Doron Baga, ariko nta kinini zahinduye nk'uko bivugwa n'umunyamakauru wa BBC Will Ross ari Lagos.

Ku wa gatatu Boko Haram yateye ikigwati ca Azaya Kura, naho nyene mu ntara ya Borno, bica abantu nibura 45.

No muri iki gitero, abantu babohewe amaboko i mugongo, hanyuma amazosi yabo arakererwa.

Boko Haram iteye umugumuko muri Nigeria kuva mu 2009.