Tunisia mu matora ya mbere y'umukuru w'igihugu kuva 2011

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abanye Tunisia bizigiye ko ayo matora azoshimangira impinduka

Tunisia bari mu matora y'umukuru w'igihugu, aya mbere kuva mu 2011 habaye impinduka ziswe'Printemps Arabe' zaturutse ku migumuko y'abanyagihugu.

Abantu barenga 25 nibo bari muri iryo higanwa, ariko uwusanzwe ku butegetsi Moncef Marzouki n'uwugwanya intwaro ishingiye kuri Islam Beji Caid Essebsi nibo babonwa nk'abafise amahirwe menshi.

Ayo matora ari mu bigize umugambi w'intwaro mfatakibanza washinzwe haheheje gutembagazwa intwaro ya Zine al-Abidine Ben Ali.

Amatora y'abashingamateka yabaye mu kw'icumi.

Tunisia-kibonwa nk'ikibanza cavukiyemwo igihuhusi c'impinduka mu bihugu vy'abarabu-gifatwa nk'icaronse ingaruka nziza z'izo mpinduka kurusha ibindi mu kuba ata ntureka nyinshi ikirangwamwo.

Hamwe ata n'umwe yotahukana intsinzi irenza amajwi 50%, hazoca haba igice ca kabiri c'amatora ku wa 31 ukwa 12.

Bwana Essebsi wo mu mugambwe Nidaa Tounes niwe ahabwa amahirwe menshi nyuma y'aho umugambwe wiwe ubereye uwa mbere mu matora y'abashingamateka.

Ariko hari ababona ko Essebsi, afise imyaka 87, akaba yarakoze muri leta ya Habib Bourguiba Tunisia kimaze kwikukura mu nyuma akanakorana na Ben Ali, aserukira kahise.

Mu bandi bitoza harimwo Marzouki, umukuru w'inama snhingamateka Mustafa Jaafar , umukuru w'umugambwe w'aba Republicains Ahmed Nejib Chebbi ,umucamanza w'umugore Kalthoum Kannou, n'umugwizatunga Slim Riahi.