Burundi : Abagore barakorerwa amabi mu ngo

Abagore mu Burundi
Image caption Abagore mu Burundi

Mu gihe haramutse hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi, mu Burundi, haracibonekeza abakenyezi bagirirwa nabi n’abo bubakanye ku mvo zitandukanye.

Amashirahamwe atari make afasha mu gutsimbataza agateka k’abakenyezi arakwiragiye hirya no hino mu gihugu, ariko n’ubu mwene ayo mabi aracibonekeza cane cane akozwe n’abo bubakanye. Hari ariko n’abamaze gutahura ko umukenyezi ategerezwa kubahirizwa mu gateka kiwe.

Ko hoba hakiri amabi akorerwa abapfasoni mu Burundi, ico si ikibazo kuko biragaragara, mbere bikanabonekera no ku gitigiri kinini c’amashirahamwe ata ho yegamiye muri politike yishinze kubavugira no guhanura iyo bikenewe.

Benshi mu batungwa agatoke muri ayo mabi, ni abagabo. Baba abacance babo, basaza babo canke abavyeyi. None amabi abo bapfasoni bakunze kugirirwa ni ayahe? Marie Claire Kezakimana n’umwe mu bakozi b’ikigo inabeza cakira abapfasoni bagiriwe nabi, gikukira ishirahamwe ADDF.

Muri ico kigo ca Inabeza nahasanze abapfasoni 5 bahatse indaro muri kino gihe, bahunze amabi bakorerwa n’abacance babo, umwe muri bo, n’umpfasoni w’imyaka 30 n’abana batanu, aba muri ico kigo haraheze amezi 2 n’amahasa ya nyuma afise umwaka. Avuga ko uretse gukubitwa umugabo ata co amufasha.

Hari n’iyindi miryango yabayeho abagabo bakorera amabi atandukanye abapfasoni babo, ariko kubera impanuro bagiye barahabwa n’amashirahamwe atandukanye, ubu babanye neza.

Akarore ni Munezero Lyse na Musumbwa Devenge bamaze umwaka wose batabana kubera ugukubitwa, ariko ubu ngo bakaba babanye neza bimwe vy’akarorero bakaba babifashijwemwo n’ishirahamwe Pluvif ryo muri komine Kinama mu gisagara ca Bujumbura.

N’aho ata gitigiri c’abapfasoni bahohoterwa mu Burundi kizwi neza gushika ubu, biragaragara ko amabi akorerwa abakenyezi ari menshi, akenshi bikava ku mico n’imigenzo abagabo bamwe bamwe bacishimikiza mu guhonyanga agateka k’abo bubakanye canke bavukana.