Burundi: Ingoma z'u Burundi zemewe muri UNESCO

Ingoma z'u Burundi
Image caption Ingoma z'u Burundi

Ingoma z'u Burundi zatewe iteka n'ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ubumenyi, ubunga n'akaranga, UNESCO.

Ako gateka ni ako gushira izo ngoma z'u Burundi ku rutonde rw'isi rw'itunga ry'akaranga ntagerwa, canke patrimoine culturelle immaterielle de l'humanite mu Gifaransa.

Ingoma z'u Burundi zari zisanzwe zizwi henshi kw'isi kubera umwihariko wazo, ako gateka ngo kakaba kagiye gutuma zihurumbirwa kurusha.

Umushikiranganji ajejwe inkino n'imico kama mu Burundi, Adolphe Rukenkanya yavuze ko ubu ingoma z'u Burundi zitazoja zipfa kuvuzwa aho bishakiye hose.

Umushikiranganji Rukenkanya yavuze ko izi ngoma z'u Burundi zigiye kuja zironderwa n'abantu bo kw'isi hose kugira bige uko zivuzwa.