Lubanga yatsinzwe mu rwungurujwe kuri ICC

Lubanga aramenya uno munsi ikiva mu kwunguruza kwiwe Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Lubanga aramenya uno munsi ikiva mu kwunguruza kwiwe

Uwahoze ari umukuru w'abarwanyi mu buseruko bwa Kongo, Thomas Lubanga, yatsinzwe urubanza yari yunguruje ku caha co kwinjiza abana mu gisirikare.

Iyo ngingo yatangarijwe kuri sentare mpanavyaha mpuzamakungu iri La Haye.

Ubu iyo sentare vyitezwe ko ica urubanza ku kwunguruza kwa Lubanga ku gihano c'imyaka cumi n'ine yari yakatiwe

Umunye Kongo, Thomas Lubanga, yahoze ari umukuru w'abarwanyi, yunguruje urubanza ku caha yahamijwe co kwinjiza abana mu gisirikare, hamwe n'igifungo yakatiwe c'imyaka cumi n'ine.

Abashinjacaha bavuze ko abana b'abahungu bato, barimwo n'abafise imyaka cumi n'umwe, baranyurujwe bajanwa kurwana mu ntambara yabaye mu myaka cumi iheze mu buseruko bwa Kongo.

Abakobwa bakoreshwa mu bucakara bwo gusambanywa ku nguvu.

Abagaye iyi sentare bayagirije kuba yaritondesheje ibintu.