Intara ya Orissa mu Buhindi yahagaritse guca imvyaro abagore

Umugambi wo guca imvyaro abagore mu Buhindi ugaragaramwo ingorane nyinshi
Image caption Umugambi wo guca imvyaro abagore mu Buhindi ugaragaramwo ingorane nyinshi

Intara ya Orissa mu buseruko bw'Ubuhindi yahagaritse umugambi w'igihugu wo guca imvyaro abagore, kubera ibikorwa vy'umwe mu baganga.

Itohoza ryasanze uwo muganga yarakoresheje ipompo y'ikinga mu kwuzuza impemu inda z'abagore muri ico gikorwa.

Ibitangazamakuru mu Buhindi bivuga ko uwo muganga yakoresheje ipompo y'ikinga mu kubaga hakoreshejwe agahora, ku bagore mirongo itanu na batandatu kuwa gatanu uheze.

Ubutegetsi bwa Orissa buvuga ko gukoresha impemu zisanzwe aho gukoresha izihinguye, bishobora gukwega ingorane nyinshi ku magara.

Mu kwezi guheze uwundi muganga yarafashwe mu ntara ya Chhattisgarg nyuma y'impfu z'abagore cumi na batanu mu gikorwa co guhagarika imvyaro.

Leta y'Ubuhindi yatanguje umugambi rusangi wo guca imvyaro abagore bamaze kwibaruka abana bumva ko bashoboye, mu ntumbero yo kugabanya ukwiyongera kw'abanyagihugu.