Putin yifatiye mu gahanga abanye Buraya

Vladimir Putin yagirije ibihugu vya Buraya kubera intambamyi ubutunzi bw'igihugu ciwe Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Vladimir Putin yagirije ibihugu vya Buraya kubera intambamyi ubutunzi bw'igihugu ciwe

Umukuru w'igihugu w'Uburusiya, Vladimir Putin, yifatiye mu gahanga ibihugu vya Buraya ku nyifato yavyo ku kibazo ca Ukraine.

Bwana Putin yavuze yuko niyo Ukraine itari guhura n'ibibazo vya politike, go ibihangange vya Buraya na Amerika vyari kurondera iyindi mvo yo kuburagiza ubutunzi bw'Uburusiya.

Yavuze kandi ko atazokwemera ko ibihugu vyo hanze bisambura Uburusiya nk'uko vyagize Yugoslavia.

Bwana Putin yavuze ko ubutunzi bw'Uburusiya buzohura n'ibibazo vy'ubutunzi bikomeye, ngo ariko ibikorwa vy'ibihugu vya Buraya bizotuma ico kibazo cunyunka.

Yahimirije abagwizatunga kugaruka mu Burusiya, avuga ko atazoraba abagirizwa ivyaha canke kutariha ikori nibagaruka.