Abagore kw'isi baravangurwa mu kazi

ILO ivuga ko henshi abagore bahembwa make kandi bakoze bimwe n'abagabo
Image caption ILO ivuga ko henshi abagore bahembwa make kandi bakoze bimwe n'abagabo

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ivy'akazi kw'isi, ILO, rivuga ko henshi kw'isi abagore bahembwa make ugereranije n'abagabo.

Iryo shirahamwe rivuga ko ari uko bimeze naho hari aho usanga abagore barusha abagabo amashure, babarusha uburambe ku kazi canke batanga umwimbu mwinshi kurusha abagabo.

ILO yavuze ko abagore barusha abagabo ku kazi muri ubwo buryo, bari bakwiye guhembwa umushakara ubigaragaza.

Umuvugizi wa ILO i Geneve yabariye BBC ko amahinguriro menshi ariyo atuma iyo mishahara itanga, hamwe n'ubudasa bunini mu bihugu bitandukanye.

Yavuze ko kwibaruka ku bagore usanga arico kintu nyamukuru kibitera, avuga ko hari hakwiye kuba abagore benshi mu nzego z'uburongozi mu kazi.