Ministre wa 1 wa Somalia Abdiweli Sheikh Ahmed agiye gutanga imihoho

Abdiweli Sheikh Ahmed Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Ministre wa mbere wa Somlia Abdiweli Sheikh Ahmed yari muri ico kibanza kuva mu kwa 12 mu 2013

Umushikiranganji wa mbere wa Somalia Abdiweli Sheikh Ahmed yemeye ingingo yo kumukurako icizere yatowe n'inama nshingamateka imusaba gutanga imihoho.

Mu cicaro co kuri uyu wa gatandatu, abashingamateka 153 batoye gukura Ahmed, 80 batora ko yoguma muri ico kibanza.

Abanyamakuru bavuga ko iyo ngingo iri mu bigize intambara y'ubutegetsi hagati ya Ahmed na prezida wa Somlia Hassan Sheikh Mohamud yatumye ibikorwa vya leta bidindira.

Umutekano wariyongeye muri Somlia muri iyi myaka iheze ariko leta gushika ubu iranyoganyoga kandi ntikora neza.

Imigwi itandukanye yitwaje ibigwanisho imaze imyaka igwana irondera kugenzura Somalia kuva prezisda Siad Bare akuwe ku butegetsi mu 1991.

Umuhari ufitaniye isano na al-Qaeda wa al-Shabab uramaze kugaba ibitero vyinshi muri Somalia vyahitanye abantu amajana n'amajana.