Imvura y'igihuhusi yahungabanije Philippines

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Hagupit aho iciye irarandura ibiti igasenyura amazu

Imvura y'umuyaga w'igihuhusi bataziriye Typhoon Hagupit yahungabanije ubuseruko bw'amazinga ya Philippines aho igenda irasenyura ibiti ica n'intsinga z'amatara.

Ishobora kandi gutuma ibice vy'inkengera birengerwa n'imipfunda y'amazi y'ibahari.

Abantu barenga umulioni bahunze uturere two ku nkengera tutari bwaheze gukira imvune y'ikindi gihuhusi batazariye Haiyan cahaciye mu mwaka uheze.

Mu karere ka Tacloban, aho abantu ibihumbi n'ibihumbi bishwe na Haiyan, amazu yagurutse, amabarabara nayo yarengewe n'amazi.

Ariko Hagiput gisa n'ikitazanye ubukare nk'ubwo abantu bari bibajije.

Gushika ubu ntibiravugwa ko hari umuntu yapfuye.

Umunyamakuru wa BBC Jonathan Head ari Legazpi ku birometero 200 mu buraruko bwa Tacloban avuga ko Hagupit ari igihuhusi gikomeye ariko ataho gihuriye mu nguvu na Haiyan.

Abategetsi bavuga ko ubu bari biteguye neza gusumba mbere, ariko avuga ko bizofata igihe kugirango hamenyekane neza ivyononekaye mu ntara zo hagati mu gihugu.