Bashir arigina intsinzi kuri ICC

Bashira avuga ko ICC naniwe kusiga iceyi Sudani Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bashira avuga ko ICC naniwe kusiga iceyi Sudani

Umukuru w'igihugu wa Sunadi, Omar al-Bashir, arigina intsinzi kuri sentare mpanavyaha mpuzamakungu, ICC.

Ibi ni nyuma yaho umushinjacaha mukuru w'iyo sentare, Fatou Bensouda, ahagarikiye itohoza ku vyaha vyo mu ntambara mu ntara ya Darfur.

Bashir, yagirijwe ivyaha vya jenoside mu 2009, yavuze ko ICC yananiwe gushika kuco yise kwambika iceyi Sudani.

Yavuze ko abanyagihugu biyemeje ko ata mutegetsi wo muri Sudani azokwitanga kuri sentare y'igikoroni.

Bensouda kuwa gatanu yavuze ko kuba akanama kajejwe umutekano ka ONU ataco gakora, biha inguvu abakoze ivyaha vyo mu ntambara i Darfur.