Ubwato bwahitanye abarenga ijana muri Kongo

Ubwato bwarohamye muri Tanganyika muri Kongo bwari bwuzuye cane Uwufise ububasha kw’isanamu other
Image caption Ubwato bwarohamye muri Tanganyika muri Kongo bwari bwuzuye cane

Amakuru ava muri republika iharanira demokrasi ya Kongo avuga ko abantu barenga ijana baguye mu mpanuka y'Ubwato.

Ubwato bwuzuye ingenzi bwarohamye mu kiyaga Tanganyika mu bumanuko bushira ubuseruko bw'igihugu kuwa gatanu.

Umushikiranganji w'intara ajejwe kwunguruza abantu n'ibintu yabariye ibiro ntaramakuru vy'Ubufaransa ko imivyimba ishika ijana na mirongo ibiri n'icenda yatowe.

Abamenyeshamakuru bahegereye bavuga ko impanuka nk'izo zishika kenshi kuko usanga ubwato buba bwuzuye cane.