Ebola: Liberia hatanguye gukoreshwa serum ku barwayi

Uwufise ububasha kw’isanamu NIH SPL

Muri Liberia abarwayi ba Ebola batanguye kuvurwa hakoreshejwe serum-umuti wakozwe ufatiye ku maraso y'abashoboye gukira iyo ndwara.

Abaganga bizigiye ko ubwo buryo bukiriko burageragezwa buzoshobora gufasha kurwanya uwo mugera wadutse muri Africa y'uburengero ukaba umaze guhitana abahurwa mu bihumbi.

Gushika itariki 10 uku kwezi kwa 12, abantu 6.598 nibo bari bamaze kuvugwa ko bahitanwe na Ebola.

Ariko abamaze kwandura bose ni 18.000.

Iyo umugwayi yashoboye gukira iyo ndwara, bisigura ko umubiri wiwe uba wamenye ingene urwanya uwo mugera ugaca ugwiza abasirikare mu maraso bashobora gutera Ebola.

Abaganga baca bashobora gufata ayo maraso bakayakoramwo serum- mu gukuramwo uturemangingo dutukura ariko bakagumizamwo abasirikare b'umubiri bakenewe cane-ari nabo bakoreshwa mu kuvura abandi barwayi.

Abarwayi ba Ebola bavuriwe mu Bwongereza na Amerika barahawe bene uwo muti.

Abaganga muri Liberia bazokurikirana barabe ko iyo serum ata ngorane itera n'ingene ivura ku barwayi bariko barayiterwa ku bitaro vya ELWA i Monromvia.