Sierra Leone: isakwa ryo kurondera abarwayi ba Ebola

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Sierra Leone niho Ebola yafashe abantu benshi kuruta mu bindi bihugu yadutsemwo

Sierra Leone yatangaje ko hagiye kuba isakwa ku nzu ku nzu ku murwa mukuru Freetown wo kurondera abarwayi ba Ebola boba binyegeje.

Umukuru w'igihugu Ernest Bai Koroma yanavuze ko urudandazwa ku wa mungu rubujijwe, nazo ingendo hagati y'intara zikaba zagabanuwe.

Izo ngingo zije mu gihe leta yabujije iminsi mikuru yose yo kwigina Noel n'umwaka mushasha mu ntumbero yo kurwanya uwo mugera wa Ebola.

Sierra Leone ni kimwe mu bihugu vyakozweko cane n'indwara ya Ebola imaze gihitana abantu 6.800 muri uyu mwaka.

Mw'ijambo ryiwe prezida Koroma yavuze ko iryo sakwa rifise intumbero yo guca uguhererekanya iyo indwara nk'uko bitangazwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.

Yavuze ati:''ntimunyegeze abarwaye''.