Tanzania:umushikirizamanza mukuru yatanze imihoho kubera ibiturire

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Ibiturire bivugwa ku mushikirizamanza mukuru n'abandi bategetsi nivyo bivugwa cane mu binyamakuru muri Tanzania

Umushikirizamanza mukuru kizigenza muri Tanzamia Frederick Werema yatanze imihoho, akaba abaye uwa mbere ahitanywe n'ibara ry'ibiturire vyavuzwe muri reta.

Abashingamateka mu kwezi guheze bamwagirije kuba ariwe yatanze uruhusha rwo guha amafaranga ashika milioni 120 z'ama dollars

ishirahamwe rikora mu vy'amasoko ntanganguvu.

Arahakana kuba hari icaha yakoze ariko akaba yatanze imihoho kubera izo mpari ''zononye icuka ca politike mu gihugu'', nk'uko bishikirizwa mw'itangazo ry'ibiro vy'umukuru w'igihugu.

Ivyo biturire vyavuzwe ku bategetsi ba Tanzania vyatumye abafasha ico gihugu bahagarika imfashanyo zabo.

Prezida wa Tanzania Jakaya Kikwete yashitse ku butegetsi mu 2005 avuga ko aje kurwanya ibiturire muri leta ariko abamunegura bavuga ko ivyo yiyemeje atabishitseko.

Inama nshingamateka ya Tanzania yiganjemwo abo mu mugambwe CCM uri ku butegetsi bemeje ingingo mu kwezi guheze imusaba gukura Warema.

Image caption Ministre wa mbere wa Tanzania Mizengo Pinda nawe aravugwa muri ivyo biturire

Inama nshingamateka yanasavye kandi gukura ministre wa mbere Mizengo Pinda , ministre ajejwe amasoko ntanganguvu Sospeter Muhongo hamwe n'abandi bategetsi bakomeye.

Abategetsi bose n'ayo mashirahamwe avugwa muri ivyo biturire bose barahakana ko ata kabi bariko.

Itohoza ryakozwe n'umugwi w'inamana nshingateka ryasanze miliyoni 120 z'ama faranga ya leta yararishwe ishirahamwe rikora mu vy'amasoko ntanganguvu mu nyuma aca ahabwa aba ministre bo muri leta.

Iyo konte yakoreshwa n'ikigo ca leta gitanga umuyagankuba Tanesco gifatanije na societe yigenga yimbura umuyagankuba IPLT.

Ayo mafaranga yarungitswe kw'i konte ya nyene IPTL Pan Africa Power(PAP) mu 2013.

PAP yavuze ko uburyo ayo mafaranga yatanzwe bwari buhuye n'amategeko.

Umugwi w'abafasha Tanzania 12 harimwo Ubuyapani, Ubwongereza, Banki y'isi na Banki y'Iterambere ya Africa baciye bafata ingingo mu kwezi kw'icumi yo kuba barabangiriye ku mafaranga ashika miliyoni 490 z'ama dollars bari guha Tanzania kubera ivyo biturire vyavugwa.