Umukuru wa Kenya yemeje itegeko ryo kurwanya iterabwoba

Uwufise ububasha kw’isanamu re
Image caption Hanze y'inama nshingamateka hari imyiyerekano igihe iryo tegeko ryariko riremezwa

Umukuru wa Kenya Uhuru Kenyatta yashize umukono kw'itegeko riteye impari cane ryatumye kuri uyu wa kane abashingamateka bakubitana ingumu mu nama nshingamateka.

Ryemejwe ku wa kane mu cicaro c'inama nshingamateka cabayemwo uruhagarara, aho abashingamateka batavuga rumwe n'ubutegetsi bavuze ko Kenya kigiye kuba igihugu gitwarwa n'igipolisi.

Leta ivuga ako ikeneye iryo tegeko kugirango ishobore kurwanya intagondwa z'umuhari al-Shabab wo muri Somlia ugize igihe waragwijije ibitero muri Kenya.

Iryo tegeko rishasha ryo kurwanya iterabwoba risaba abamemyeshamakuru kubanza kuronka uruhusha rw'igipolisi imbere yo gusohora inkuru zijanye n'ibibazo vy'umutekano mu gihugu.

Ubu igipolisi kizohora kibanza gutanga uruhusha imbere y'uko hasohorwa canke havurwa inkuru ijanye n'amatohoza ku bikorwa vy'iterabwoba.

Kenyatta yavuze ati ''Dutegerezwa kwibuka ko tukiri mu ntambara kandi tukigeramiwe n'ibitero vy'iterabwoba,'' ariko arasigura iryo tegeko.

Umunyamakuru wa BBC i Nairobi Denis Okari avuga ko iryo tegeko ryaciye mu mpinyanyuro nyinshi.

Avuga ko ingingo iha uruhusha inzego z'iperereza n'umutekano kwumviriza abantu ku matelephone ata rushusha rwa sentare yakuwemwo.

Abakekwako ivyaha baba bari mu minwe y'igipolisi bazofungwa amasaha 24 gusa aho kuba iminsi 360 nk'uko vyari mu nteguro ya mbere, kiretse hari ingingo ya sentare ibirekuye.