FBI yagiriza Korea ya Ruguru kwabura Sony

Uwufise ububasha kw’isanamu Sony Pictures
Image caption Abakinyi ba The Interview James Franco na Seth Rogen

Igipolisi ca Amerika kijejwe amatohoza FBI kivuga ko Korea ya Ruguru ariyo iri inyuma y'ukwabura ordinateurs za Sony kuri cinema yari yerekeye umukuru wayo Kim Jong-Un.

Ico gipolisi kivuga ko cihweje ubuhinga bwo gukora bene ubwo busuma gisanga hari isano na Korera ya Ruguru.

Sony yahagaritse gusohora iyo cinema The Interview inyuma y'aho abinjira mu ma ordinateurs z'abandi batabifitiye uruhusha bagabishirije inyuma y'aho batwariye Sony ibintu bihambaye vyari mu ma ordinateurs yayo.

Television CNN ivuga ko ababikoze bashimye ko iyo cinema itacerekanywe bagabisha Sony ko itoyerekana mu buryo ubwaribwo bwose.

Ingingo ya Sony yarababaje cane abakinyi b'ama cinema. Umukinyi George Clooney yabwiye urubuga rwa internet Deadline ku wa kane ko iyo cinema ikwiye gusohoka kuri internet.

Imbere y'aho ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika vyari vyavuze ko kwiba amabanga ya Sony ari ikibazo gikomeye c'umutekano w'igihugu.

Iyo cinema ikinamwo James Franco na Seth Rogen nk'abanyamakuru babiri bahawe umubonano n'umukuru wa Korea ya Ruguru Kim Jong-un.

CIA igaca ibatuma kumugandagura. Iyo cinema vyari vyategekanijwe ko isohoka kuri Noel.

Abasuma b'ibiri muri ordinateurs z'abandi bari bagabishije bibutsa ibitero vy'iterabwoba vyo ku wa 11/9/2011 bavuga ngo ''isi izokwuzura ubwoba hamwe iyo cinema yosohoka''.

Guhagarika isohoka ry'iyo cinema ryaneguwe cane i Hollywood, bamwe bavuga ko ari uguhungabanya uburenganzira bwo kwishira no kwizana mu gushikiriza ico umuntu yibaza.