Nigeria yashegeshwe n'ibitero vya Boko Haram

Boko Haram Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Boko Haram imaze kwigarurira ibisagara n'ibigwati bitari bike mu buraruko bushira ubuseruko

Reta ya Nigeria ivuga ko ''yashegeshwe kandi yababaye cane'' inyuma y'aho abantu batereye ikigwati bagafata abantu bashika 200.

Ico gitero cagizwe n'abantu bitwaje ibigwanisho bakekwa kuba ari abo mu muhari Boko Haram.

Umuvugizi wa reta avuga ko abo bagwana bitwaza idini rya Islam bariko barakwiragiza iterabwoba mu gutera aba sivile.

Boko Haram yatanguye kugwanya reta ya Nigeria kuva mu 2009 ikaba ishaka gushinga reta igendera ku mategeteko ya ki Islam muri Nigeria.

Ico gitero cabaye ku wa mungu ariko inkuru yamenyekanye ku wa kane inyuma y'aho abacitse kw'icumu bashikiye mu gisagara ca Maiduguri.

Umuvugizi wa reta Mike Omeri yasohoye itangazo ryiyamiriza ''ico gikorwa kigayitse''.

Ariko gushika ubu ntawuremera ku mugaragaro ko ariwe yagavye ico gitero.

Uwo muvugizi yatangaje ko bigoye kumenya abanyurujwe ingene bangana muri ibi bihe vya mbere kuko bikekwa ko abantu benshi bahunze igihe igitero caba.