Ebola ntiyabujije Liberia kuja mu matora

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption N'ubwo hari impungenge zo gukwiza Ebola, bagiye mu matora muri Liberia

Ayo matora yari yagumye asubizwa inyuma incuro nyinshi mu ntumbero yo kurinda ikwiragizwa ry'umugera wa Ebola.

Ariko perezida Ellen Johnson-Sirleaf avuga ko ayo matora ategerezwa kuba kugira ibwirizwa nshingiro ryububahirizwe.

Hashizwe amacupa agera ku bihumbi icumi y'umuti wo gukaraba wica mikorobe, ku bibanza vyo gutoreramwo.

Hari kandi n'ibikoresho vyo gufata ibipimo vy'ubushuhe vy'abaje gutora.

Umugera wa Ebola umaze guhitana abantu ibihumbi indwi mu burengero bwa Afirika.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko abenshi mu banya Liberia bibaza ko ayo matora ashobora gutuma uwo mugera ukwiragira, kandi ko ashobora kutagenda neza.