Ingingo zo gukomeza umutekano muri Pakistani

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ingabo za Pakistani zarungitswe kurinda amabohero

Leta ya Pakistani ivuga kandi ko ivyo vyakozwe mu ntumbero yo gukumira ingendo yo guhana mu buryo burenze urugero.

Ivyo bivuzwe inyuma y'aho ubutegetsi buhereye igihano co gupfa aba Talibani babiri bari barakatiwe.

Abasirikare barungitswe kurinda amabohero, aho ubu bameze magabo kubera ubwoba ko aba Talibani n'iyindi mirwi bazohava bagerageza kumena ngo babohoze abanywanyi babo.

Abategetsi bavuga ko bazi ko hari umugambi w'aba Talibani wo kunyuruza abana b'abasirikare bakuru, mu mugambi wo kugeza kubaguza n'imbohe.