Nta ngabo Sierra Leone isigaranye muri Somalia kubera Ebola

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Urwego rwa AMISOM, ruhurikiyemwo ingabo zo mu bihugu bitandukanye birimwo Sierra Leone

Ubumwe bwa Afirika buteganya gusubiriza izo ngabo n'izo mu bindi bihugu bisanzwe biterera ingabo muri Somalia.

Ingabo zituruka muri Sierra Leone zirenga amajana umunani zahora zicunze umutekano mu bumanuko amaja ku kivuko ca Kismayo,zimaze gutaha.

Zari kuba zagiye kare, ariko zibanza kurindirizwa ikiringo c'amezi atandatu inyuma y'aho umwe mu bari kuza kugombora abahari basanze yaranduye Ebola.