Umukuru w'aba Kurdes muri Iraq yagendeye Sinjar

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umukuru w'aba Kurdes Masoud Barzani muri Sinjar

Igitero c'aba Peshmerga ku barwanyi ba IS catanguye mu ndwi iheze, mu ntumbero yo kubohoza abo mu bwoko bw'aba Yazidi bari bahagotewe.

Abo mu bwoko bw'aba Yazidi baharurwa mu bihumbi bari bahungiye muri uwo musozi kuva mu ci riheze.

Infashanyo za mbere za nkenerwa ubu zamaze kubashikira.

Bwana Barzani avuga ko abarwani biwe bariko barakora uko bashoboye ngo bagarure umuji wa Sinjar uri munsi y'uwo musozi.