Amerika isaba Chine kwemeza ko N Korea yabuye Sony

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ivyapa vyamamaza isinema "the interview" ya Sony Pictures

Ubutegetsi bwa Washington buvuga ko leta ya Pyongyang yari ikwiye kwemera icaha ikanashumbusha Sony kubera igihombo yateje ico kigo.

Ubwo busuma bwo kuri "internet" bwatumye "Sony Pictures" igira impungenge zo kwerekana sinema yari iteganijwe gusohoka muri iyi minsi ya Noweli.

Koreya ya ruguru yo ivuga ko ivyo irerwa atari vyo ari ukuyityoza.

Abihweza utuntu n'utundi bavuga ko hari ibimenyetso biboneka bigaragaza ko ubutegetsi bwa Pyongyang aribwo bwoba bwarabikoze.

Ariko umunyamakuru wa BBC ari muri Koreya y'epfo avuga ko aho ukuri koba kuri hose, "Sony Pictures" muri Hollywood na beneyo bari mu bu Yapani babwirizwa gufata ingingo, niba basohora ayo masanamu canke batayasohora.

Ico gihe ngo bazoba biteguye kwirengera umujinya wa leta ya Pyongyang n'abakoze ubwo busuma bwo kuri "internet", niba ari abandi canke ari iyo leta nyene.