Burundi:Abatariyandikisha gutora bongerewe igihe.

Ibendera ry'u Burundi
Image caption Ibendera ry'u Burundi

Umubonano hagati y'umugwi CENI ujejwe amatora mu Burundi hamwe n'imigambwe itandukanye, warangiye humvikanywe ko hagiye kwongerwa ikiringo co kwandika abazotora, bataronse akaryo ko kwiyandikisha mu gikorwa giheruka gusozerwa.

CENI ivuga ko ico gikorwa citabiriwe n'abakwije ivyangombwa vyo gutora bashika 87 kw'ijana.

Imigambwe itavuga rumwe na leta, yariyamirije ingene ico gikorwa cagenze, ikavuga ko cabayemwo ubusuma, mbere ikaba yari yasavye umugwi CENI gutanga imihoho.