Polisi ya New York yategetswe kuba maso

Polisi ya New York Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Polisi ya New York

Nyuma y'iyicwa ry'abapolisi 2, barashwe kuwagatandatu ushize, abapolisi ba New York bategetswe gufata ibyemezo ku mutekano wabo.

Abapolsi bakora amarondo ku maguru bategetswe kujya hanze ari babiri babiri, naho ku bigo byose bya polisi hashizwe abahacunga.

Amarondo y'abafasha ababapolisi, babarirwa mu bihumbi, yahagaritswe by'agateganyo.

Umwuka uracyari mubi nyuma y'imyigaragambyo yamaze ibyumweru yamagana iyicwa ry'abagabo b'abirabura bishwe n'abapolisi b'abazungu bashakaga kubafata.

Mbere y'uko arasa abo bapolisi 2, Ismaaily Brinsley, yanditse ku rubuga nkoranyambaga rwa Online ko azahorera yica abapolisi.