Ubufaransa bugiye gukaza umutekano

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imodokari yinjijwe mu bantu bari mw'isoko mu muji wa Nantes.

Umushikiranganji wa mbere, Manuel Valls, yavuze ko hazokongerwa abapolisi ku mabarabara, kandi ko abasirikare bagera ku 300 bazorungikwa hirya no hino mu gihugu mu bihe vy'iyi minsi mikuru ya Noweli.

Amarondo azokomezwa cane cane mu bisagara, ibibanza vy'ubudandaji, ibituro vya bus na gari ya Moshi hamwe rero no ku mayira yazo.

Bwana Valls yavuze ko Ubufaransa bufise impungenge z'ibitero vy'iterabwoba, n'ibitero vy'abashobora kwigana ivyabaye, ariko ashimangira ko ibiherutse kuba vyari bitandukanye.

Babiri muri batatu bagavye ivyo bitero basemerera bavuga amajambo y'idini rya islamu.