Congo: Muka Patrice Lumumba yitavye Imana

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Patrice Lumumba

Inkuru y'urupfu rwa Pauline Opango Lumumba, yamenyekanye mu gitondo mu muji wa Kinshasa.

Umuhungu wiwe Francois Lumumba yavuze ko basanze yasinziririye mw'itiro.

Uretse ko uwo mupfasoni yari amaze indwi zibiri avuye kwivuza, ubundi ngo yari amaze neza, kiretse imyaka yari imuremereye.

Ishingurwa rya Mama Pauline, nk'uko benshi bamwita mu muji wa Kinshasa, ngo rizotunganywa na leta ya Congo nk'uko umuhungu wiwe Francois Lumumba yabimenyesheje abanyamakuru.

Patrice Lumumba yari yatowe kuba umushikiranganji wa mbere wa Congo kuva kironse intahe yo kwikukira mu 1960, inyuma y'imyaka hafi ijana kiri mu bukoroni.

Yagandaguwe mu 1961, abamwishe kugez' ubu bakaba bataradomwako urutoke.