Simone Gbagbo yarengutse imbere ya Sentare

Simone Gbagbo nawe aregwa kugira uruhara mu bwicanyi Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Simone Gbagbo nawe aregwa kugira uruhara mu bwicanyi

Muri Cote d'Ivoire hatanguye urubanza rwa Simone Gabgbo, umugore w'uwahora ari umukuru w'igihugu, Laurent Gbagbo.

Simone yagirizwa kugira uruhara mu bwicanyi bwakurikiye amatora haciye imyaka ine.

Bwana Gbagbo we aracarindiriye urubanza kuri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, aho yagirizwa ivyaha vyo guhohotera ikiremwa muntu.

ICC yarasubiye gusaba Cote d'Ivoire kuyiha umupfasoni Ggagbo mu ntango za kuno kwezi, ico gihugu kiranangira.

Abantu barenga ibihumbi bitatu barishwe mu mvururu zakurikiye amatora yo mu 2010.