Somalia yafashe umwe mu bakuru ba Al Shabaab

Abajejwe umutekano ba Somalia basanze Zakariya Islmail Ahmed Hersi aho yinyegeje
Image caption Abajejwe umutekano ba Somalia basanze Zakariya Islmail Ahmed Hersi aho yinyegeje

Somalia ivuga ko umwe mu bagaba ba Al Shabaab yafatiwe ku rubibe na Kenya ubu arinzwe n'abasirikare imbere yo kujanwa i Mogadishu.

Umukuru w'umuji wa El Waq yavuze ko abasirikare b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika n'aba leta ya Somalia bari mu nzira baja kuzana Zakariya Ismail Ahmed Hersi.

Mu 2012 leta ya Amerika yemeye guha imiriyonzi zitatu z'amadolari uwo wese yari kwerekana aho bwana Hersi ari.

Al Shabaab yaravuye mu miji myinshi ya Somalia kuva aho hatanguriye igitero gikomeye c'abasirikare b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika hamwe n'abasirikare ba leta ya Somalia mu kwezi kwa gatatu.