Imfashanyo ya Buraya ku bageramiwe na ebola yashitse

Imfashanyo ibandanya kwiyongera ku barwaye ebola Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imfashanyo ibandanya kwiyongera ku barwaye ebola

Ubwato butwaye imfashanyo ivuye mu muryango wa Buraya igenewe ibihugu bigeramiwe na ebola, yashitse muri Guinee.

Ubwato bwa mbere bunini igihugu c'Ubuholandi gitunze, bwaje buzanye imiti, ivyo kurya hamwe n'imiduga irimwo na za ruseha abaniha.

Ubwo bwato buzoca bubandanya muri Liberia na Sierra Leone butwareyo izindi mfashanyo.

Hagati aho uwukuriye ibikorwa vya ONU mu kurwanya ebola, Anthony Brandbury, buca asozera ikiringo, ari murugendo mu bihugu bitatu bigeramiwe.

Azosubirizwa mu kwezi kuza n'umunye Mauritania.